Uko wahagera

Intumwa ya O-N-U, Said Djinnit, yabonanye na prezida Pierre Nkurunziza.

  • VOA Africa

Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru inyuma yaho, yasubiye kumenyesha kw’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe kwubahiriza sumutekano kw’isi rwiyamirije igeregezwa ry’ugutembagaza Reta, n’akamaro k’ibiganiro hagati y’abanyepolitike bigenewe gutua haba amatora yigenga kandi atagira utunenge mu Burundi.

Sid Djinnet abandanya kuvugana n’impande zitandukanye, mu mugambi w’ugusubira gutumako ibiganiro mu buryo bwihuta bushoboka. Azocira ku mayange ku musi wa gatatu urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’is,i n’abamenyeshamakuru, ku vyerekeye urugendo rwiwe mu Burundi n’abo babonanye.

XS
SM
MD
LG