Uko wahagera

Mu Burundi, Abantu Batatu Bishwe Kuwa Kane


Ubushyamirane mu Burundi
Ubushyamirane mu Burundi

Mu Burundi, kuri uno musi wa kane, abantu batatu bishwe, abandi batatu nabo barakomereka. Uruhagarara n’ubwicanyi birabandanya kwibonekeza, aho abanyagighugu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo cyo kwitoza ca Perezida Petero Nkurunziza.

Ababikurikiranira hafi n’abategetsi b’ishirahamwe mpunzamakungu ryitaho imbabare kw’isi Croix Rouge, bamenyesha ko mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura habaye uruhagarara, aho igipolisi cariko kiragerageza guhagarika itana mumitwe ry’ariko riraba hagati y’abashigikiye n’abadashigikiye ukwongera kwitoza kw’umukuru w’igihugu.

Twibukije ko, sentare ijejwe ukwubahirizwa ibwirizwa shingiro yemeje ko Perezida Nkurunziza ashobora kwongera kwitoza ikiringo ca gatatu, ivyo bikaba bidashimisha abatavuga rumwe na reta, bavugako ukwongera kw’itoza kwiwe guteye kubiri n’ibwirizwashingiro.

Ejo ku musi wa gatatu, bwana Nkurunziza yasohoye urwandiko ruvugako asubiriye kw’izegwa agatogwa ikindi kiringo, kizoba kibaye ikiringo ciwe canyuma. Muri urwo rwandiko yashikirije, Nkurunziza yasavye kw’imyiyerekano yohagarikwa kugira amatora ategekanijwe kuba kw’itariki ya 26 z’ukwezi kwa gatatndatu abe mumutekano.

Kuva itariki ya 26 z’ukwezi kwa kane, aho Nkurunziza yamenyeshako azokwitoza, abantu barenga kuri 15 barahitanywe n’imyiyerekano yaci itangura.

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG