Uko wahagera

Sentare Yemeje Ukwitoza kwa Nkurunziza


Prezida Pierre Nkurunziza
Prezida Pierre Nkurunziza

Mu Burundi, sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yemeje ko Prezida Nkurunziza ashobora kwitoza mu kindi kiringo mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Iyo ngingo isohotse inyuma yaho Icegera c'uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ry'uburundi umushingantahe Sylvere Nimpagaritse ahungiye akaja mu gihugu c' Urwanda avuga ko we n’abandi bane muri indwi bari bagize iyo sentare bariko bagirwako iterabwoba kugira bemeze vyanka vyakunda ko ikindi kiringo ca Pierre Nkurunziza cemewe n’ibwirizwa shingiro rigenga Uburundi.

Naho biruko imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Nkurunziza yatunganijwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’imigambwe itavuga rumwe nuubutegetsi irabandanya.

Abantu batatu nibo bahitanywe n’iyo myiyerekano kur’uyu wambere 40 barakomereka nkuko ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge rivyemeza.

XS
SM
MD
LG