Uko wahagera

Urwanda Ruratewe Amakenga n'Ukugene Ibintu Vyifashe mu Burundi


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Urwanda, Louise Mushikiwabo
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Urwanda, Louise Mushikiwabo

Reta y’Urwanda imenyesha kw'itewe amakenga n’ukugene ibintu bitera bimera nabi kurushiriza mu Burundi.

Reta y’Urwanda imenyesha kw’amakuru abandanya avuga ku ruhagarara n’ubwicanyi, ku basivile ata birwanisho bitwaje, biteye amakenga kurushiriza.

Reta y’Urwanda irashima utwigoro tw’amashirahamwe atari make yo mu karere n’ayo mu mahanga, harimwo umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu Buseruko, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, n’umuryango w’ubumwe bw’i Bulayi.

Urwanda rusaba Reta y’Uburundi gufata ingingo zihuta, z’ukubona kw’abanyagihugu bakingiwe, guhagarika ububabare bw’abanyagihugu butera bwiyongera, n’ukugarukana amahoro.

Ibiriko bibera mu Burundi vyaragize inkurikizi cane cane ku Rwanda.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Urwanda, Lousie Mushikwabo, yatangaje ko badafata minenegwe amakuru avuga kuri FDLR, impunzi amajana n’amajana zijabuka urubibe zinjira, mu Rwanda, uko umusi utashe, hamwe n’igikorwa nkenerwa cane c’ugukingira abasivile.

Umushikiranganji Mushikwabo, avuga ko basaba abategetsi b’Uburundi gukora ibishoboka vyose, kugira bagarukane amahoro mu gihugu. Ngo bazobandanya gukorana n’akarere, n’amakungu, mu twigoro tw’ugushigikira amahoro.

Louise Mushikiwabo, avuga ko mu gihe bubahiriza ubwigenge bw’Uburundi mu gutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu, Urwanda rubona umutekano bw’abanyagihugu, ataco bazira, nk’ikibazo c’akarere n’amakungu.

XS
SM
MD
LG