Uko wahagera

Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi Baributse Igandagurwa ry'abanya Armeniya


Abategetsi b'ibihugu bitari bike vyo kw'isi bariko bibuka ubwicanyi bwakorewe abanya Armeni ku murwa mukuru Yerevan
Abategetsi b'ibihugu bitari bike vyo kw'isi bariko bibuka ubwicanyi bwakorewe abanya Armeni ku murwa mukuru Yerevan

Abantu ibihumni b’ibihumbi n’abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi batari bake bakoraniye mu gihugu ca Armeniya uno musi ku wa gatanu kwibuka imyaka ijana irangiye abanya Armeniya bagandaguwe ikivuga n’aba Turke b’aba Ottomani mu gihe c’ingwano ya mbere y’isi yose.

Abatumire baragendeye icibutso c’abishwe

Mw’ijambo yashikirije ku murwa mukuru wa Armeniya, Yerevan, prezida w’igihugu ca Armenia, Serge Sarkisian yarashimiye abategetsi b’igihugu vyo kw’isi bitavye ivyerekeye kwibuka abanya Armeniya bishwe.

Prezida Sarkisian, yatangaje kubona abategetsi nk’abaprezida b’Uburusiya, Ubufransa, Serbia, n’igice gitwara n’Ubugiriki c’izinga rya Chypres, baritavye ivyo birori vyerekana ukwiyemeza kwabo, ku vyerekeye kwerekana kw’ibintu bidategerezwa kwibagirwa.

Armeniya, igihugu c’abantu imiliyoni zitatu n’ ibihumbi amajana abiri, cita ihonyabwoko igandagurwa ry’abanya Armeniya bagera ku muliyoni n’ ibihumbi amajana atanu, mu gihe c’ingwano ya mbere y’isi yose. Turkiya iremera kw’abanya Armeniya b’aba Kristu batari bake bishwe, mu ngwano, yamara irahakana kw’ari ihonyabwoko

Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje kw’Ubufransa, bufise igitigiri kitari gito c’abanya Armeniya, butazokwigera bwibagira abanya Armeniya bishwe n’aba Turke, babona ko bashobora kwifatanya n’umwansi, Uburusiya, mu gihe c’ingwano ya mbere y’isi yose.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Puti,n nawe nyene yarashikirije ijambo, mu kuvuga ko ata nsiguro ishobora kuhaba, ku vyerekeye kugandagura abantu ikivunge.

Igihugu ca Turkiya kirahakana kw’ubwicanyi bwakozwe n’aba Turke b’aba Ottomani, ku banya Armeniya, ari ihonyabwoko. Turkiya ivuga ko abanya Armenaiya bapfuye, mu gihe c’ingwano, aho bafashwa n’Abarusiya. Turkiya ivuga kw’igitigiri c’abapfuye kiri musi y’umuliyoni n’igice.

XS
SM
MD
LG