Uko wahagera

Igitero ca Bombe Kuri Bisi ya O-N-U Cahitanye Abantu Indwi muri Somalia


Isanamu y'inyuma yuko habaye igitero kuri bus itwaye abakozi b'ishirahamwe O-N-U muri Somalia
Isanamu y'inyuma yuko habaye igitero kuri bus itwaye abakozi b'ishirahamwe O-N-U muri Somalia

Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wiyitiriye igitero ca bombe cagizwe, ku musi wa mbere, kuri bus y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu buraruko bwa Somalia, cahitanye abantu indwi, abandi batari bake barakomereka.

Uwagize ico gitero, yarondeye bminibus yari itwaye abakozi b'ishami ry’ishirahamwe O-N-U ryitaho abana, UNICEF, mu gisagara ca Garowe, igihe bari bagiye mu biro vyabo, bavuye aho baba.

Umupolisi wo mu gisagara ca Garowe avuga ko mu bapfuye harimwo abanyamahanga bane, abanya Somaliya babiri, n’umwihevyi yagize ico gitero ca bombe.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika mu gisagara ca Garowe avuga kw'abo banyamahanga bagizwe n'abanya Kenya babiriumunya Uganda n'umunya Afghanistani, bose bakorera ishirahamwe UNICEF.

Amenyesha kw'ishirahamwe O-N-U ryatwaye n'indege ibiziga vy'abo bakozi n'abandi umunani bakomeretse i Nairobi.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe O-N-U muri Somalia, Nick Kay, yatangaje kw'ico gitero ari igikorwa c'iterabwoba n'akigoro k'ukugeramira inzira y'amahoro n'umutekano Somalia yafashe.

N'igitero kigira gatatu c'umurwi al-Shabab, mu kiringo c'imisi itatu.

Ku musi w’Imana, abarwanyi b’umurwi al-Shabab, barishe inteko zijejwe gucungera umutekano zitatu z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ziva mu Burundi, bakomeretsa abandi basirikare batari bake, mu gisagara ca Lego, kiri mu bumanuko bwa Somaliya.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika watangaje kw’ico gitero wari umutego ugayitse.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika umenyesha kw’igitero c’umurwi al-Shabab ku nteko zijejwe gucungera umutekano za AMISOM ari igikorwa c’abansi ba Somalia kibandanya c’uguhungabanya umutekano muri Somalia n’ukubuza iterambere ryibonekeza mu ntara zose za Sozmalia.

XS
SM
MD
LG