Uko wahagera

Panama: Ba Prezida Obama na Castro Barahuye mu Biganiro


Prezida wa Amerika, Barack Obama, na prezida wa Cuba,Raul Castro bariko bararamukanya ku ruhande rw'inama y'abategetsi b'ibihugu vyvo mu karere ka Amerika muri Panama
Prezida wa Amerika, Barack Obama, na prezida wa Cuba,Raul Castro bariko bararamukanya ku ruhande rw'inama y'abategetsi b'ibihugu vyvo mu karere ka Amerika muri Panama

Prezida wa Amerika Barack Obama yaragiranye na prezida wa Cuba, Raul Castro ku musi wa gatandatu. Ibyo biganiro bizokwibukwa mu mateka.

Prezida Obama, yamenyesheje kw'ashaka kurengera ukutumvikana kwaranze Amerika na Cuba, mu gihe c’imishamirano hagati ya Amerika n’Ubumwe bw’aba Soviyeti.

Ivyo biganiro vyari birindiwe cane, ku ruhande rw’inama y’ibihugu vyo mu karere ka Amerika, mu gihugu ca Panama, nivyo biganiro vya mbere hagati y’abategetsi ba Amerika na Cuba, mu kiringo kirenga imyaka mirongo itanu.

Amasanamu ya videwo, imbere y’ibiganiro hagati ya prezida Obama, na perezida Castro, yerekanye abo bategetsi bakikujwe, n’abafasha babo n’abajejwe guhindura indimi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yaho, perezida Obama yatangaje kw’ibiganiro, vyo ku musi wa gatandatu, bishobora kuba intambwe ikomeye, mu gihe Amerika na Cuba, biriko birondera gusubira kugiranira imigenderanire.

Yongeye kandi avuga kw’igitigiri kinini c’Abanyamerika, bashigikiye imigenderanire, hagati ya Amerika na Cuba, kandi kw’utwo twigoro dushigikiwe cane n’abanya Cuba.

Prezida wa Cuba, Raul Castro, yabwiye prezida Obama, ko yiteguriye kuganira ibibazo bitari bike bitumvikanwako, harimwo ivyerekeye agateka ka muntu, n’uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

XS
SM
MD
LG