Uko wahagera

Muhammadu Buhari Yatowe kuba Prezida wa Nigeria


 Muhammadu Buhari (Iburyo) ari kumwe na prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan.
Muhammadu Buhari (Iburyo) ari kumwe na prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan.

Muhammadu Buhari,yatowe kuba prezida w’igihugu ca Nigeria, mu gustinda prezida yari ahari, Goodluck Jonathan, yemeye ko yatsinzwe.

Abamenyeshamakuru b’Ijwi rya Amerika, Ibrahim Ahmed, na Peter Clottey, bari i Abuja, batangaje ko Jonathan yahamagaye prezida yavuye mu matora, Buhari, ku muhingamwo, wo ku musi wa kabiri, kugira amukeze ku ntsinzi yiwe.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora ntiruratangaza icese uwatsinze amatora.Yamara ivyashikirijwe n’abategetsi bajejwe amatora, vyerekanye Buhari, ari imbere cane y’uwo bahiganwa, Goodluck Jonathan.

Mu gihe ivyavuye mu matora, mu ntara nka zose z’igihugu ca Nigeria, vyashikirijwe, Buhari yatsinze igice kinini c’intara mirongo itatu na zitandatu zigize igihugu ca Nigeria, akaba ari imbere ya Jonathan, n’ibirenga amajwi imiliyoni zibiri mu gihugu cose.

Intsinzi ya Buhari izoba irangije intwaro y’imyaka cumi n’itandatu y’umugambwe uri ku butegetsi, People’s Democratic Party. Buhari akaba agarutse ku butegetsi, inyuma y’imyaka mirongo itatu.

Muhammadu Buhari, afise imyaka 72 muri iki gihe, yabaye umutegetsi w’umusirikare w’igihugu ca Nigeria, mu kiringo c’amezi mirongo ibiri, inyuma yuko abasirikare bafashe ubutegetsi, muri coup d’etat, mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’1983.

XS
SM
MD
LG