Uko wahagera

Nijeriya: Abahinganwa Bemeye Kwubahiriza Ibivuye mu Matora


Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, n'Uwo bahiganwa bikomeye, Generali Muhammadu Buhari, bariko barwana mu nda inyuma yuko bateye igikumu ku muhango w'ukwubahiriza ibizova mu matora yo ku musi wa gatandatu.
Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, n'Uwo bahiganwa bikomeye, Generali Muhammadu Buhari, bariko barwana mu nda inyuma yuko bateye igikumu ku muhango w'ukwubahiriza ibizova mu matora yo ku musi wa gatandatu.

Prezida w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, n’uwo bahiganwa bikomeye, Muhammadu Buhari, bashikirije itangazo ritanga umuhango w’ukwubahiriza ibizova, mu matora azoba ku musi wa gatandatu, mu gihe ayo matora azoba yabaye, mu bwigenge, ata tunenge azoba afise, kandi azoba yizigiwe.

Abahiganwa basavye kandi abanya Nigeria, kwirinda ubwicanyi n’uruhagarara, canke ibikorwa ivyarivyo vyose bishobra kugeramira ukwizigirwa kw’amatora

Muri ico gihe, televiziyo, Al Jazeera, ivuga kw’inteko z’igihugu ca Nigeria zafashe abamenyeshamakuru babiri bayo b’abanya Nigeria, ku musi wa kabiri, mu gihe Nigeria iriko ikomeza ingingo zerekeye umutekano, imbere y’amatora azoba ku musi wa gatandatu.

Televiziyo, Al-Jazeera, ifise icicaro muri Qatar, yasohoye itangazo ku musi wa kane, risaba irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru babiri, bariko bayikorera igihe batabwa mu nvuto, ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Maiduguri, mu ntara ya Borno.

Umurwi w’abarwanyi, Boko Haram, ukorera muri ako karere.

Televiziyo Al-Jazeera, ivuga kw'abo bamenyeshamakuru, Ahmed Idris, na Ali Mustafa, bafatiwe mu vyumba vyabo vy’ihoteri, ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Maiduguri, inyuma yuko bagarutse bavuye gukwirikirana amakuru, ku nteko z’igihugu ca Nigeria ,ziriko zirwanya umurwi ,Boko Haram.

Televiziyo Al-Jazeera, ivuga kw’abo bamenyeshamakuru basambishijwe, camera zabo zirafatwa, naho bari bakoranye n’igisirikare, igihe bariko bafata amasanamu.

Bapfungiwe, mu vyumba vyabo, gushika hari igihindutse.

Igisirikare ca Nigeria catangaje kw’abo bamenyeshamakuru bariko bakora badakingiwe, kandi ata burenganzira babifitiye.

Televiziyo Al-Jazeera, imenyesha kw’abo bamenyeshamakuru bayo bari bahawe uruhusha n’urwego rujejwe amatora, kugira batange amakuru, ku matora, rw'ugukorera mu bice ivyarivyo vyose, vyo mu gihugu ca Nigeria.

XS
SM
MD
LG