Uko wahagera

Amerika na Irani, Birabandanya Kugiranirana Ibiganiro, mu Gihe Ikiringo Ntarengwako Cegereje

  • VOA Africa

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, I bubanfu, n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, i buryo, Mohammad Javad Zarif I Lausanne mu gihugu c'Ubuswisse, ku musi wa mbere, italiki 16, z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2015.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Irani, Mohammad Javad Zarif, basubiye kubonana ku musi wa mbere, mu gihugu c’Ubuswisse, mu gihe babandanya kurondera gushika ku ntambwe zioboneka, mu mpera z’uku kwezi, mu biganiro bimaze igihe, kuri progama ya nucleaire y’igihugu ca Irani.

John Kerry, na Javad Zarif, bifatanije n’abadiplomate, n’abahinga bo ku mpande zose, buguruye incuro ya nyuma y’ibiganiro, ku musi w’Imana. Bafise hafi y’indwi zibiri imbere yuko igihe ntarengwako bishinze, kugira babe bashitse ku ntambwe zizoshikana ku masezerano, y’ukubona kw’umugambi wa nucleaire w’igihugu ca Irani utagenewe gukora ibirwanisho ruhonyanganda, gishika.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yatangaje ku musi w’Imana, kw’intambamyi zisigaye ahanini ari iza politike.

I Washington, Umuyobozi w’aba republika muri Senate ya Amerika, Mitch McConnell, yasohoye itangazo ryiyamiriza ibiganiro hagati ya Amerika na Irani.

XS
SM
MD
LG