Uko wahagera

Putin: Igandagurwa rya Boris Nemtsov Rifatiye kuri Politike


 Boris Nemtsov, aherutse kugandagurwa i Moscou, mu Burusiya
Boris Nemtsov, aherutse kugandagurwa i Moscou, mu Burusiya

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yemeye ku musi wa gatatu, kw’igandagurwa ry’umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta, Boris Nemtsov, ryari rifatiye ku mpamvu za politike, mu gihe abategetsi b’Uburusiya bamenyesha ko bamenye abikekwa mw’igandagurwa ryiwe.

Prezida Putin, yatangaje kw’Uburusiya butotegerezwa kurangwa n’ivyaha, ku bategetsi bakomeye, harimwo ivyaha bifise impamvu za politike.

Prezida Putin, avuga kw’Uburusiya butegerezwa kwikurako iceyi nkico.

Boris Nemtsov, yanebagura bikomeye abategetsi b’igihugu c’Uburusiya yarashwe, mu mugongo incuro zitatu, mu ndwi iheze, ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Umuyobozi w’ibiro bikomeye bijejwe umutekano mu Burusiya, yatangaje ku musi wa gatatu, kw’abikekwa kw’igandagurwa rya Nemtsov, bamenyekanye . Nta birenga aho yatangaje, yamara yaragabishije kw’amatohoza ariko araba.

Nemtsov, yashinguwe, ku musi wa kabiri ku murwa mukuru, Moscou.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yaremeye itohoza ry’ukuri kw’igandagurwa rya Nemtsov, benshi mu batavuga rumwe na Reta bavugako kw'ari ukwihora aku kugene Nemtsov, anebagura abategetsi b’Uburusiya.

XS
SM
MD
LG