Uko wahagera

Amerika na Irani, Birabandanya Ibiganiro, kuri Programa ya Nucleaire ya Irani


Umushikiranganji ajejwew wimigendernire wa Amerika,John Kerry, n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Javad Zarif.
Umushikiranganji ajejwew wimigendernire wa Amerika,John Kerry, n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Javad Zarif.

Umushikiranganji wa reta zunze ubumwe za America ajejwe imigenderanire n’amahanga John Kerry, na mugenzi we w’igihugu ca Iran Mohammad Javad Zarif, bagiranye inama mu Buswise umusi ugira kabiri w’amanama yerekeye imigambi y’ubuhinga bwa Nucleaire bwa Reta ya Irani.

Kerry na Zarif babonanye mu kiringo c’amasaha abiri, mu gitondo co ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Montreux.

Mu karuhuko bafashe hagati y’iyo nama, umumenyeshamakuru yabajije umushingantahe Zarif ukuntu ibintu biriko biragenda, Zarif amwishura avuga ati “ turiko turagerageza, turiko turagerageza”

Irani kimwe n’ibindi bihugu bitanu bigize akanama ka ONU kajejwe umutekano, hamwe n’igihugu c’ubudagi, biriko bagira uko bishoboye kwose kugira vyubahirize itariki bihaye ya 31 z’ukwezi kwa gatatu, kuba bateguye amasezerano yo gukorerako mu gupfundika amasezerano ya nyuma. Abagize akagwi k’iyo mishikirano basabwa kuba bapfunditse amasezerano ya nyuma kw’itariki ya mbere y’ukwezi kw’indwi.

Ivyo bihugu bitanu bigize ako ka nama ka ONU k’umutekano, biriko bisaba Irani kugabanya ihungirurio ryayo ry’ubuhinga bwa Nucleaire n’ubundi buryo ico gihugu gifise bwoshobora guhingura ibigwanisho ruhonyanganda hakoreshejewe ubwo buhinga bwa Nucleaire. Iran yo, ivuga ko programa yayo ya Nucleaire atari iya gisirikare, igasaba amakungu gukuraho ibihano yayifatiye kubera iyo programa.

Prezida Barack Obama yabwiye ikinyamakuru Reuters ko Irani itegerezwa kwemera guhagarika programa yayo ya nucleaire, mu buryo bushobora gusuzumwa mu kiringo gishika ku myaka 10, kugira hashobore gupfundikwa amasezerano y’umwumvikano.

XS
SM
MD
LG