Uko wahagera

Amerika n'Ubwongereza, Vyaraganiye, ku Bihano Bishasha, ku Burusiya


Umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Amerika, John Kerry
Umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Amerika, John Kerry

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ubwongereza, vyaraganiye, ku musi wa gatandatu, ivyerekeye gufatira ibindi bihano Uburusiya, mu gihe amasezerano y’uguhagarika ingwano, mu gihugu ca Ukraine, amaze indwi imwe, abandanya kqugeramirwa bikomeye.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yarabonanye na migenziwe w’Ubwongereza, Philip Hammond, i Londres, akaba yatangaje, mu nyuma yaho, ko prezida wa Amerika, Barack Obama, azofata ingingo, mu misi mikeyi iri imbere, ku bihano bishasha bishobora gufatwa, kubera kurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwanao aherutse gushikwako.

John Kerry, avuga kw’Uburusiya, n’abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bubahiriza ayo masezerano, mu bice bikeyi. Ngw’ivyo ntawobisabirako.

John Kery, avuga kw’ivyo bibandanije, ata nkeka ko hazoba izindi nkurikizi zizogeramira kurushiriza ubutunzi bw’igihugu c’Uburusiya bwari busanzwe bugeramiwe.

John Kerry, arishimiye ko Amerika, n’ibihugu bicuditse, bizokwishura n’ingingo zikomeye, kandi ko guha ibirwanisho igihugu ca Ukraine, ari ubundi buryo abategetsi ba Amerika bariko bariyumvira.

XS
SM
MD
LG