Uko wahagera

Yordaniya Yarashikirije O-N-U Ingingo z'Ibihano Vyafatiwe Libya

  • VOA Africa

Libya kw'ikarata

Libya kw'ikarata

Igihugu ca Jordaniya, carashikirije integuro y’ingingo y’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, ku musi wagatatu, yokuraho ibihano vyafatiwe Reta y’igihugu ca Libya, ku vyerekeye ibirwanisho, igakora kugira ihagarike ibirwanisho bihabwa abarwanyi, igatuma Reta y’igihugu ca Libya yemewe n’amakungu igaruka, ku murwa mukuru, Tripoli.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, rwarahuye imbere yaho, mu biganiro vyihutirwa, ku kugene ibintu vyifashe, mu gihugu ca Libya, aho abarwanyi, n’ama Reta abiri abangabanganywe, vyatumye igihugu ca Libya kiguma, mu mutekano muke, inyuma y’ukurwa ku butegetsi rya Moammar Gadhafi.

Ivyo biganiro vyabaye imisi mikeyi, inyuma yuko abarwanyi b’umurwi, Islamic State, basohoye video yerekana abanya Misiri b’aba Kristu, mirongo ibiri n’umuwe, bari banyurujwe, mu gihugu ca Libya, bariko bacibwa imitwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Libya, Mohammed al-Dairi, yavuze kw’ibintu, mu gihugu ca Libya, bimeze nabi cane, akaba yabwiye urwego rw’ishirahamwe O-N-U, rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, kw’amakungu ategerezwa kwubahiriza amahoro, n’umutekano.

XS
SM
MD
LG