Uko wahagera

Presida wa Ukraine, Ariyamiriza Ifatwa ry'Igisagara ca Delbaltseve


Prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko
Prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko

Prezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, avuga kw'ifatwa ry’igisagara gikomeye co mu buseruko bw’igihugu, Debaltseve, n’abarwanya ubutegetsi, bashigikiye Uburusiya, birenga ku masezerano yahagarikiwe n’amakungu.

Ivyo Prezida, Poroshenko, yabitangaje ku musi wa kane, mu kamo yagiranye kw'itelefone, n’abategetsi b’ibihugu vy’Uburusiya, Ubudagi n’Ubufransa, nkuko vyasohotse mw’itangazo ry’ibiro vya prezida Poroshenko.

Abategetsi ba Reta y’igihugu ca Ukraine, bategetse inteko ibihumbi n’ibihumbi za Reta, kuva mu gisagara ca Debaltseve, ikibanza gikomeye kirimwo inzira ya gali ya moshi ihuza ibisagara vya Luhansk, na Donesk, abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Ukraine bakomeyemwo.

Prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko, yabwiye abategetsi b’ibihugu vy’Uburusiya, Ubudagi n’Ubufransa, kutirengagiza kw’ivyabereye, mu gisagara ca Debaltseve, mu kwiyumvira ko vyubahiriza amasezerano yo, mu gisagara ca Minsk, yateweko igikumu mu ndwi iheze, akaba yagiye mu ngiro, ku musi w’Imana.

Prezida, Poroshenko, yasavye kandi abarwanya ubutegetsi, bashigikiwe n’Uburusiya, kurekura abasirikare bose b’igihugu ca Ukraine, amajana n’amajana, muribo abantu bibazo ko bafashwe, n’abarwanya ubutegetsi, igihe bariuko bava, mu gisagara ca Debaltseve.

Prezida Poroshenko, yateye akamo k’inteko zijejwe guncura umutekano, zo mu mahanga, kugira zigarukane umutekano, mu buseruko bwa Ukraine. Ako kamo kiyamirijwe, ku musi wa kane, n’abarwanya ubutegetsi, hamwe n’abategetsi b’igihugu c’Uburusiya.

XS
SM
MD
LG