Uko wahagera

Bombe Yaturikiye mw'Isoko, mu Gihugu ca Nigeria

  • VOA Africa

Igisagara ca Biu, mu ntara ya, iBorno,mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu ca Nigeria

Abantu batari bake bavurwa ko bapfuye, mu gitero ca bombe yaturikiye, mu kibanza c’isoko, mu gisagara ca Biu, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, muri ako karere, yavuze bombe yaturikiye, muri ico kibanza igihe c’isaha icenda n’iminuta mirongo ibiri, zo ku mutaga, mu masaha yaho, uno musi ku wa kane.

Igitigiri c’abapfuye muri ico gitero ca bombe kivurwa ko kiri hajeuru cane.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero.

Ico gitero ca bombe kivurwa ko cabaye, imbere y’ikoraniro rya politike, n’urugendo rwari rwitezwe rw’uwahoze ari bulamatari w’intara.

Imbere yuko ico gitero kiba, abantu bari mu myiyerekano, bavurwa ko bariko bonona idarapo y’umugambwe uri ku butegetsi, mu gihugu ca Nigeria, People’s Democratic Party.

Amatora, mu gihugu ca Nigeria, yari ategekanijwe kuba, ku musi wa gatandatu, yamara abategetsi bajejwe amatora barayigijeyo gushika kw’italiki mirongo ibiri n’umunani z’ukwezi kwa gatatu, mu gutanga impanvu y’ubwicanyi, n’uruhagarara, biterwa n’umurwi Boko Haram, mu buraruko bushira ubuseruko, bw’igihugu ca Nigeria.

XS
SM
MD
LG