Uko wahagera

Human Rights Watch: Ubwicanyi Ndengerabutungane mu Burundi


Daniel Bekele, umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika
Daniel Bekele, umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika

Raporo y'ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, imenyesha kw’igisirikare c’Uburundi ,n’igipolisi, vyakoze ubwicanyi ndengerabutungane, ku bantu mirongo ine n’indwi, canke barenga, hagati y’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabili, n’italiki zitatu z’ukwezi kwa mbere.

Nkuko iyo raporo ibivuga, ibi vyabaye inyuma y’ugutana mu mitwe n’umurwi witwaje ibirwanisho, mu ntara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi. Abanywanyi b’ishami ry’Urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi bitwaje ibirwanisho, baragize uruhara nabo muri ubwo bwicanyi.

Umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika, Daniel Bekele, amenyesha kw’inteko za Reta y’Uburundi zitegerezwa gukingira abanyagihugu ubwicanyi, ngo yamara ivyo ntibivuze kugandagura abo izo nteko zafashe.

Bekele avuga kw’abasirikare ba Reta, n’igipolisi, batigeze bagira akigoro k’ugufata abantu bishikirije, kw’ahubwo babarashe.

Ubwicanyi bwabereye, mu Cibitoke, buri mu mugambi umaze imyaka itari mike w’inteko zijejwe umutekano, n’abanywanyi b’ishami ry’abakiri bato b’umugambw,e uri ku butegetsi, mu Burundi, Imbonerakure, w’ugukora ubwicanyi ndengerabutungane.

Iyo raporo ivuga ko mu bicwa, harimwo abasivile batari bake, hamwe n’abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho, n’abandi bitekawa kw’ari abansi.

Ubwicanyi bwo bu Cibitoke, ni bumwe mu bwicanyi bukomeye cane nkubwo bubaye, mu myaka ya vuba.

Tubibutse kw’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwari bwasohoye itangazo, mu ndwi iheze, aho bwamenyesheje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe amakenga n’amakuru avuga, ku ruhara rw’inteko zijwjwe umutekano z’Uburundi, mu bwicanyi ndengerabutungane bwagizwe ku bantu batari bake, bo mu murwi witwaje ibirwanisho, inyuma yuko abo bantu bishikirije, mu ntara ya Cibitoke, mu ntango z’ukwezi kwa mbere.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zasavye Reta y’Uburundi gutohoza neza ivyo vyagirizo, gukwirikirana ivyaha ivyarivyo vyose bishobora kuba vyarakozwe, ababikoze bakabibazwa.

XS
SM
MD
LG