Uko wahagera

UBulaya Bwarasibishije Gufatira Ibindi Bihano, Uburusiya

  • VOA Africa

Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel ari i Washington kubonana na prezida wa Amerika, Barack Obama (

Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel ari i Washington kubonana na prezida wa Amerika, Barack Obama (

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya ryafashe ingingo, ku musi wa mbere, y’ugutebesha gufatira ibindi bihano abashaka kwiyonkora, ku gihugu ca Ukraine, n’Uburusiya, kugira iryo shirahamwe ririndire ibizova, mu nama y’ibihugu bine, ku ntambara yo muri Ukraine, mu gihe Chancelliere w’Ubudagi, Angela Merkel, yashitse i Washington, kuganira ikibazo co mu gihugu ca Ukraine, na prezida wa Amerika, Barack Obama.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Laurent Fabius, yabwiye abamenyeshamakuru, i Bruxelles, ku murwa mukuru w’Ububiligi, kw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ryumvikanye ku bihano, yamara kw’ingingo y’ukubishira mu ngiro, izova ku kugene ibintu bizoba vyfashe, muri Ukraine.

Laurent Fabius, yatangaje kw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya rizokwihweza uko ibintu vyifashe, muri Ukraine, mu ndwi imwe, harimwo ibizoba vyavuye, mu nama y’ibihugu bine, bitegekanijwe kw’iba, ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Minsk, mu gihugu ca Bielorussie.

Ku musi w’Imana, Angela Merkel, yaraganiye kw’itelefone, na prezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin,na prezida w’Ubufransa, Francois Hollande, ku mugambi w’ibihugu vy’Ubudagi, n’Ubufransa, ugenewe guhagarika umugumuko, utera wiyongera, w’abashigikiye Uburusiya, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Abo bategetsi b’ivyo bihugu bine bemeye kugirana ibindi biganiro, amasao mu yandi, mu gisagara ca Minsk.

XS
SM
MD
LG