Uko wahagera

Burundi: Nyangoma Ku Rutonde Rw’Abazaserukira Urunani ADC

  • Frederic Nkundikije

Kw’igenekerezo rya 31 ry’ukwezi kwa mbere umwaka w’2015, umurwi nshingwabikorwa w’umugambwe CNDD, waragenye umukuru w’uyo mugambwe mu kibanza c’abazotorwamwo uwuzoserukira urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu.

UmushingantaheLeonard Nyangoma yatowe atariho ari mur’iki gihe aba mu gihugu c’Ubufaransa, avuga ko yashimye abanyamugambwe biwe basubiye kwerekana ko bari inyuma yiwe, yongera avuga ko yizeye kw’ariwe munyapolitike azoserukira urunani ADC-Ikibiiri mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa gatandatu.

Leonard Nyangoma avuga kw’abahurikiye mu runani ADC Ikibiri hamwe n’abarundi, bazomwizigira ngo kuko bazi kw’abakunda kandi yababakoreye, kandi yipfuza gusubira kubakorera.

Mushobora kwumviriza ikiganiro

XS
SM
MD
LG