Uko wahagera

Ishirahamwe rya Afrika Rirashigikiye Inteko 7,500 z'Ukurwanya Boko Haram

  • VOA Africa

Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, niwe yatowe kuyobora ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika

Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, niwe yatowe kuyobora ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika

Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, ryarashigikiye imigambi yerekeye inteko zo mu karere, ibihumbi indwi n’amajana atanu, zijejwe kurwanya umurwi, Boko Haram.

Ivyerekeye iyo ngingo vyabaye, mu gihe ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ryuguruye inama yaryo, yama iba uko umwaka utashe, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba.

Ibihugu vya Nigeria, Cameroun, Chad, Niger na Benin, biherutse kwumvikana, ku vyerekeye gukorera hamwe, mu gikorwa c’ukurwanya umurwi, Boko Haram, wishe abasivile ibihumbi n’ibihumbi, muri iki gihe ukaba ufise ibice binini vy’intara ya Borno, ku mbibe y’ibihugu vya Cameroun, n’ikiyaga Chad.

Umutegetsi mukuru w’urwego rujejwe amahoro n’umutekano, rw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, Smail Chergui, yatangaje kw’uwo mugambi uzoshikirizwa urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe umutekano kw’isi.

Ivyabona bavuga kw’inteko z’igihugu ca Chad, ziza zikorera mu gihugu ca Nigeria, zasubiye gufata, ku musi wa kane, imihana y’ahitwa, Malumfatori, yari mu minwe y’umurwi, Boko Haram.

Bitegekanijwe kw’ibibazo vyerekeye umurwi, Boko Haram, n’ikiza ca Ebola muri Afrika yo mu burengero, biza ubwa mbere, ku rutonde rw’ibibazo bizokwihwezwa n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika.

Muri ico gihe, abategetsi b’ibihugu vyvo muri Afrika bagenye prezida w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugab,e kuyobora ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yaranebaguye iyo ngingo, mu kuvuga ko kahise ka Mugabe, ku vyerekeye ityozwa ry’agateka ka muntu, vyotegerejwe gutuma ataba mu bashobora gushingwa ayo mabanga.

Prezida, Mugabe, muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda, asubiriye prezida w’igihugu ca Mauritania, Mohamed Ould Abdel Aziz.

XS
SM
MD
LG