Uko wahagera

Israel Yagiriza Irani ku Gutana mu Mitwe ku Rubibe rwa Israel, na Libani


Imodoka z'igisirikare ca Israel ziriko zirasha ku rubibe hagati ya Israel na Libani
Imodoka z'igisirikare ca Israel ziriko zirasha ku rubibe hagati ya Israel na Libani

Urubibe hagati y’ibihugu vya Israel, na Libani, rwari rutekanye, uno musi ku wa kane, umusi umwe inyuma y’ugutana mu mitwe,,kwahitanye abasirikare babiri b’igihugu ca Israel, n’umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yagirije Irani, ku gitero cabaye, ku musi wa gatatu, ku rubibe n'igihugu ca Libani.

Netanyahu, yatangaje, ku musi wa kane, ko Israel izobandanya kwivuna abarondera kuyigeramira bose, baba bari hafi canke kure.

Urubibe hagati ya Israel, na Libani, rwari rutekanye, ku musi wa kane, umusi umwe inyuma y'ugutana mu mitwe, kuri urwo rubibe, kwahitanye abasirikare babiri b'igihugu ca Israel, n'umusirikare ajejwe gucungera umutekano, w'ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Ugutana mumitwe, kwabereye ku rubibe rw’ivyo bihugu bibiri, ku musi wa gatatu, kwatanguye igihe umurwi w’abarwanyi, ufise icicaro mu gihugu ca Libani, Hezbollah, wakoresha amarokete, mu gitero, ku modoka z’igisirikare z’igihugu ca Israel.

Israel yishuye n’ibitero vy’indege z’ingwano, na vya muzinga.

Inyuma y’inama yo mu mwiherero, y’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, kuri ukwo gutana mu mitwe, urwo rwego rwariyamirije iyicwa ry’umusirikare ajejwe gucungera umutekano, w’ishirahamwe O-N-U.

AmbasaderI w’igihugu ca Espagne, mw’ishirahamwe O-N-U, Roman Oyarzun, yatangaje ko Reta yiwe ishaka itohoza, akaba yagirije igihugu ca Israel, ku rupfu rw’uwo musirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe O-N-U.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yarerekanye impungenge, ku gutana mu mitwe kwabaye, ku musi wa gatatu, n’amarokete yarashwe, mu ntara ya Golan, avuye muri Syria, ku musi wa kabiri, mu vyatumye kandi ibitero vy’indege z’ingwano, z’igihugu ca Israel, mu kwishura.

XS
SM
MD
LG