Uko wahagera

Prezida Barack Obama Yararangije Urugendo Rwiwe mu Buhindi


Prezida wa Amerika, Barack Obama mu Buhindi
Prezida wa Amerika, Barack Obama mu Buhindi

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishaka gukorana neza, n’Ubuhindi igihe, igihe yarangiza urugendo rw’imisi itatu ku murwa mukuru w’Ubuhindi, New Delhi, ku musi wa kabiri.

Prezida, Obama, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishaka gukorana n’Ubuhindi, mu mugambi w’ugukura abanyagihugu mu bukene, gukomeza ibisata vy’amahinguriro, n’ubuhinga bwa none, hamwe n’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe. Prezida Obama, yavuze kw’Ubuhindi bushobora kugira uruhara rukomeye, mu karere.

Prezida, Obama, yaswavye kandi guteza imbere amasoko ntanganguvu atageramira ibidukikije, kugira bifashe mu rugamba rw’ukurwanya ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi.

Yamenyeshaje kw’amakungu adashobora kurwanya biboneka, ihindagurika ry’ibihe, kiretse ibihugu biri mu nzira y’amajambere , Ubuhindi burimwo, bigabanije gukoresha amasoko ntanganguvu, ageramira ibidukikije.

Prezida, Obama, yavuze kandi kw’Ubuhindi, na Amerika, bishobora wumvikana, ku gikogwa nkenerwa c’amakungu, atarangwa n’ibirwanisho ruhonyanganda.

XS
SM
MD
LG