Uko wahagera

Arabia Saudite: Umwami, Abdullah, Yashinguwe, mu Birori Bisanzwe


Nyakwigendera umwami wa Arabia Saudite, Abdullah
Nyakwigendera umwami wa Arabia Saudite, Abdullah

Umwami mushasha wa Arabia Saudite, Salman, yameye kubandanya imigambi y’uwo bavukana, nyakwigendera umwami Abdullah, yashinguwe ku musi wa gatanu, ku murwa mukuru, Riyadh.

Umwami, Adbullah, yitavye Imana, mu masaha yakare yo ku musi wa gatanu, yashinguwe inyuma y’ibirori bisanzwe, vyarimwo abategetsi bakomeye b’ibihugu vy’Abarabu, n’aba Islamu, vyo mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Umwami, Addullah, avurwa ko yari afise imyaka mirongo icenda y’amavuko. Yari aherutse kuja mu bitaro, kubera ibibazo vyo mu mahaha. Yasandavye igihe c’isaha indwi zo mw’ijoro, mu masaha yo muri Arabia Saudite.

Arabia Saudit,e yarihutiye kugena umwami mushasha, Salman, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, yavuze kw’azobandanya imigambi irashe y’abayoboye Arabia Saudite, imbere yiwe.

Umwami mushasha, Salman, avurwa ko afise imyaka mirongo irindwi n’icenda yariumushikiranganji ajewe kwivuna abansi kuva mu mwaka w’2012.

Mu bategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bashikirije ubutumwa bw’umubabaro, prezida wa Amerika, Barack Obama, yarashikirije ubutumwa bw’Abanyamerika, bw’ukwifatanya n’abanya Arabia Saudite, n’umuryango wa cami wa Arabia Saudite.

Umwami Abdullah, yari yimitswe icese mu mwaka w’2005. Yamara, mu vy’ukuri, yayoboye Arabia Saudite, kuva mu mwaka w’1995, igihe uwo bavukana yari yasubiriye, umwami, Faud, yari yakitswe n’amagara.

XS
SM
MD
LG