Uko wahagera

Amerika Yaributse, Martin Luther King Jr.


Icibutso ca Martin Luther King Jr. mu gisagara ca Washington DC.
Icibutso ca Martin Luther King Jr. mu gisagara ca Washington DC.

Prezida wa Amerika, BaracK Obama, n’Abanyamerika, mu gihugu cose, baragize uruhara, mu migambi y’ugufasha abandi, ku musi wa mbere, umusi w’akaruhuko w’ukwibuka italiki y’amavuko ya Martin Luther King, Jr., yaharaniye uburenganzira bw’abairabure, muri Amerika.

Prezida Obama n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama bafashije ahitwa, Boys & Girls Club, mu gisagara ca Washington.

Abandi bategetsi ba Reta ya prezida, Obama, bakwiragiye mu gihugu, gufasha, mu migambi yerekeye indero, kurwanya ubukene, ibidukikije n’utugenegene.

Igihagararo ca King, cakomeye ubwa mbere, mu mwaka w’1955, igihe yayobora umugambi w’abirabure, w’ukwihoza amabisi atwara abantu, mu gisagara ca Montgomery, muri Reta ya Alabama, mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu vyatumye ico gisagara gihagarika inyifato y’ugukumira abirabure, mu mabisi atwara abantu.

Yabaye umuntu akomeye cane, mu muhari w’uguharanira uburenganzira, n’agateka k’abirabure, muri Amerika, mu myaka y’1950, n’imyaka y’1960, akaba yibutswe cane kw’ijambo rikomeye, “I Have a Dream”, yashikirije mu myiyerekano yo mu gisagara ca Washington DC, mu mwaka w’1963.

Yararonse agashimwe kitiriwe Nobel, mu mwaka w’1964, umwaka itegeko rikomeye ryubahiriza uburenganzira bw’abirabure, ryaterwako igikumu na prezida Lyndon Johnson.

Martin Luther King Jr., yagandaguwe kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane, mu mwaka w’1964, mu gisagara ca Memphis, muri Reta yaTennessee, aho yari yagiye gufata mu mugongo abakozi b’abirabure, bakura umucafu, bariko basaba guhabwa umushahara ungana, n’uw’abandi.

Umusi w’akaruhuko w’ukwibuka, Martin Luther King Jr.,washizweho mu mwaka w’1983, igihe prezida wa Amerika w’ico gihe, Ronald Reagan, yatera igikumu kw’itegeko rigena umusi wa mbere, ugira gatatu, w’ukwezi kwa mbere, umusi ugenewe gutera iteka Martin Luther King Jr., yavutse kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kwa mbere, mu mwaka w’1929.

Congres ya Amerika yagenye, mu mwaka w’1994, umusi w’ukwibuka Martin Luther King Jr., nk’umusi w’ugufasha abandi mu gihugu, ingingo igenewe gusaba Abanyamerika kugira uruhara, mu migambi iteza imbere abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG