Uko wahagera

Prezida, Vladimir Putin: Ibihano Ntibizotera Ubwoba, Uburusiya

  • VOA Africa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje kw’igihugu ciwe kitazohagarika gufasha Abarusiya, baba mu kigobe c’intara ya Crimee, yigaruriwe n’Uburusiya, mu ntango z’uyu mwaka, naho ibihugu vy’I Bulaya, na Amerika ,vyari vyiyamirije iyo ngingo y’Uburusiya.

Ivyo Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yabitangaje, ku musi wa gatandatu, ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, mu gihe ubushikiranganji bujejwe imigenderanaire bwemeye kwishura, ku bihano bishasha, ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyafatiye intara ya Crimee.

Prezida Putin, yagumye adadaza, ku bihano igihugu ciwe cafatiwe n’ibihugu vy’di Bulaya na Amerika, n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi bitewe n’ibiciro vy’ibitoro biriko biramanuka, hamwe n’ifranga rya rouble ryataye ibice mirongo ine kw’ijana vy’agaciro karyo.

Ku musi wa gatandatu, mu gihe ibibazo vy’ubutunzi vyiyongeye, prezida Putin, yasavye Abarusiya kwitegurira guca, mu bihe bitorosh,e mu misi no mu mezi ari imbere.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, ku musi wa gatanu, yarafatiye ibihano, mu vy’ubudandaji, intara ya Crimee.

Itangazo rya presidence ya Amerika, ryamenyesheje kw’ingingo ya prezida Obama, igenewe kwerekana kw’abategetsi ba Amerika, batazokwemera ukwigarurira intara ya Crimee kw’Uburusiya.

XS
SM
MD
LG