Uko wahagera

Prezida wa Cuba Yarahayagije Ugusubira Imigenderanire na Amerika.

  • VOA Africa

Prezida w'igihugu ca Cuba, Raul Castro

Prezida w'igihugu ca Cuba, Raul Castro

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarahayagijwe n’umutegetsi w’igihugu ca Cuba, Raul Castro, ku musi wa gatandatu, inyuma yuko afashe ingingo y’ugusubira kugiriranira imigenderanire, hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’igihugu ca Cuba.

Mw’ijambo yashikirije inama nshsingamateka y’igihugu ca Cuba, ryerekanywe kuri televiziyo, mu gihugu cose, Castro yatangaje ko yiteguriye kuganira ibibazo bitari bike, n’abategetsi ba Amerika, vyitezwe ko bazogendera igihugu ca Cuba ,mu kwezi kuza.

Yongeye kanadi aremeza kw’azokwitaba ikoraniro ry’ibihugu, vyo mu karere ka Amerika, rizobera mu gihugu ca Panama, mu kwezi akwa kane, aho vyitezwe kw’azobonana na prezida Obama.

Abajijwe i Washington, ku ngingo yiwe y’ugusubaira kugiranira imigenderanire n’igihugu ca Cuba, prezida Obama, yatangaje, ku musi wa gatanu, kw’atiteze kw’iubintu bihinduka bikomeye, mu gihugu ca Cuba, buno nyene, yamara ko Amerika izoronaka akaryo kurushiriza, k’ukuganira na Reta y’igihugu ca Cuba, n’abanya Cuba.

Ijambo ry’umutegetsi w’igihugu ca Cuba, Raul Castro, ku musi wa gatandatu, ryari ijambo rya mbere ashikirije, ku mugaragaro, inyuma yuko ugusubira kugiriranira imigenderanire hagati ya Amerika, na Cuba, bitangarijwe icarimwe n’abaprezida b’ivyo bihugu bibiri.

Prezida Castro yatangaje ko Cuba izokwihutisha umugambi wayo w’ugutunganya gushasha ubutunzo, mu mugambi w’ugushiraho uburyo bw’iterambere burama bw gikomunista. Yamara yatangaje kw’ibintu bizogenda birahainduka buhoro buhoro.

XS
SM
MD
LG