Uko wahagera

Igitigiri c'Abitavye Amatora, muri Liberia, Cari Hasi, Kubera Ubwoba bwa Ebola


Ikarata ya Liberia
Ikarata ya Liberia

Abakozi bajejwe amagara y’abantu, bari bahagarikiye ibibanza vy’amatora, ku musi wa gatandatu, mu gihe abanya Liberia bariko batora aba senatari, mu matora yigijweyo incuro zibiri, kubera ikiza ca Ebola, muri Liberia.

Abategetsi bajejwe amatora, mu gihugu ca Liberia, bategetse kw’abantu bose basukura iminwe yabo, bakongera bagapimwa ubushuhe bw’umubiri, imbere yuko binjira ,mu bibanza vy’amatora, bakirinda n’ukwegerana, mu biri musi y’imetero.

Abanebagura kugirisha ayo matora, baribaza nimba vyari bikwiye kw’abantu, mu bishobora gutuma umugera wa Ebola ukwiragira, mu bantu batonze imirongo, mu bibanza vy’amatora.

Igitigiri c’abitavye amatora, mu gihugu cose, kivurwa ko cari hasi.

Ishirahamwe rijejwe amagaara y’abantu kw’isi, O-M-S, ryatangaje mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu, kw’abantu barenga ibihumbi indwi n’amajana ane, bapfuye bahitanywe na Ebola, mu bihugu vya Liberia, Guinee na Sierra Leone, ibihugu bitatu vyageramiwe bikomeye kurusha ibindi, n’ikiza ca Ebola.

Igihugu ca Liberia nico gihugu gifise igitigiri kinini cane c’abantu bapfuye, bahitanywe na Ebola, n’ukuvuga abantu barenga ibihumbi bitatu n’amajana atatu, naho igitigikri c’abantu bashasha bandura Ebola, gisa n’ikiriko kiragabanuka.

Igitigiri, muri rusangi, c’abantu bafise Ebola, muri Liberia,Guinee, na Sierra Leone, muri iki gihe, kigeze ku bihumbi cumi n’icenda na mirongo itatu n’umwe.

XS
SM
MD
LG