Uko wahagera

Amerika, na Cuba, Bigiye Gusubira Kugiriranira Imigenderanire


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Cuba, vyatangaje ko bigiye gusubira kugiriranira aimigenderanire myiza, mu bizoba birangije ikiringo kirenga imyaka mirongo itanu, c’ikumirwa ry’igihugu ca Cuba.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, na prezida wa Cuba, Raul Castro, bashikirije amajambo, igihe kimwe, bamenyesheje ko bakavye abanyororo ibihugu v yabo vyari bifise, mu kiringo c’imyaka itari mike, muri iki gihe ivyo bihugu bibiri bizoshiraho uburyo bw’ukwongereza imigenderanire, mu butunzi, n’uruja n’uruza rw’abantu, hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Umukozi w’ibiro bijejwe iterambere mu makungu, USAID, Alan Gross, yararekuwe n’igihugu ca Cuba, ku musi wa gatatu, aho yari yapfungiwe, yagirizwa kwinjiza ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, bibujijwe mu gihugu ca Cuba.

Prezida Obama, yatangaje ko Gross, n’umuntu yatangaje kw'ari umwe mu bakozi bajejwe iperereza bakomeye cane, bakabwe abakozi batatu bajejwe iperereza b’abanya Cuba, bari bamaze igihe kirenga imyaka cumi, mu mabohero yo muri Amerika.

Prezida Obama, yatangaje kw’imyaka mirongo itanu y’ugukumira igihugu ca Cuba, ataco yashitseko, kw'igihe kigeze c’ugufata imigambi mishasha.

XS
SM
MD
LG