Uko wahagera

Zimbabwe: Ivyeregera Bibiri Bishasha vya prezida Mugabe, Birarahira, Uno Musi ku wa Gatanu


Icegera ca mbere ca prezida muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa
Icegera ca mbere ca prezida muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa

Ivyegera bibiri vya prezida w’igihugu ca Zimbabwe, baraza kurahira, mu mabanga yabo mashasha, uno musi ku wa gatanu, mu gihe prezida, Robert Mugabe, amaze igihe kirekire ku butegetsi, ariko agena Reta nshasha, kandi urukurukuru rubandanya, ku wushobora kuzomusubirira.

Mu gihe icegera ca prezida, Joice Mujuru, yarukanywe mu mabanga yiwe, mu ntango z’iyi ndwi, icegera ca mbere ca prezida, Emmerson Mnangagwa, abonwa kw’ariwe ashobora gusubirira prezida, Mugabe, imyuka yuko maze imyaka itari mike acuditse nawe.

Mnangagwa, yaravuganye n’Ijwi rya Amerika, Service ya Zimbabwe, aho yamenyesheje kw’ahimbajwe n’amabanga yiwe mashasha.

Avuga kw’ayo mabanga atoroshe, kw’azokwubahiriza ivyifuzo vy’abanya Zimbabwe, n’ivyo umugambwe wiwe.

Vyitezwe kandi kw’icegera ca kabiri ca prezida, Phelekezela Mphoko, arahira nawe nyene, mu mabanga yiwe mashasha. Mphoko ntazwi cane, mu gihugu ciwe, kubera yamaze imyaka itari mike aserukira igihugu ca Zimbabwe, mu makungu.

XS
SM
MD
LG