Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, Ari mu Rugendo, mu Buhindi


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, ari ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuhindi, New Delhi, mu biganiro n’abategetsi b’igihugu c’Ubuhindi, bigenewe kwagura imigenderanire, mu vyerekeye amasoko ntanganguvu, n’ukwivuna abansi, hagati y’ibihugu vy’Uburusiya, n’Ubuhindi, ibihugu bimaze igihe kirekire bikorana.

Bitegekanijwe ko Prezida Putin, abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, na prezida w’Ubuhindi, Pranab Mukherjee, uno musi ku wa kane, hamwe n’umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta, Sonia Gandhi.

Uburusiya burageramiwe bikomeye, n’ibihano mu vy’Ubutunzi, bwafatiwe n’ibihugu vy’I Bulaya, na Amerika, kubera uruhara rw’ico gihugu, mu bibazo biri mu gihugu ca Ukraine, abitegereza ibintu bakaba bavuga kw’urugendo rwa prezida Putin, rugenewe kurondera amasoko ntanganguvu mashasha, kugira bifashe kugabanya ingaruka z’ibihano Uburusiya bwafatiwe n’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika.

Amakuru atagazwa avuga kw'ivyo biganiro biozoshimikira kandi, ku gufashanya, mu vyerekeye igisirikare, n’ukwubaka ibibanza bishasha, bikoresha ubuhinga bwa nucleaire.

Bitegekanijwe, kw’amasezerano atari make, yerekeye ubudandaji, aterwako igikumu.

XS
SM
MD
LG