Uko wahagera

Mu Burundi Imigambwe Itavuga Rumwa Na Reta, Yanditse Isaba Guhagarika Igkorwa co Kwandika Abatora

  • Frederic Nkundikije

Umurundi ariko aratora mu matora aheruka mu 2010

Umurundi ariko aratora mu matora aheruka mu 2010

Kw’igenekerezo ry’10 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri, niho iyo migambwe yashikiriza ikete umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, CNI, umushingantahe Pierre Claver Ndayicariye

Iyo migambwe isaba kw’igikorwa co kwandika abanyagihugu bazotora, kiba kirahagaritswe ngo kubera habonetse amahinyu menshi ajanye n’igikorwa co kwiyandikisha. Iyo migambwe ivuga ko naho ata mugambi wo kwiyonjora mu matora ifise mu mwaka uza, ngo itegerezwa gukora ibishobotse vyose kugira ngo ubusuma bwagararaye mu kwiyandikisha, buhagarare.

Charles Nditije, arongoye urundi ruhande rw’umugambwe Uprona, yarahaye ikiganiro Ijwi rya Amerika: Mushobora kumutege amatwi.

Tukiri kur’iyi nkuru kandi, umutegetsi wo mu murwi CNI ujejwe gutunganya amatora, avuga ko CNI idashobora guhagarika ico gikorwa co kwandika ngo kuko ingingo nk’iyo itofasha; ahubwo yoba isubije inyuma abarundi. Umushingantahe Prosper Ntahorwamiye atangura avuga, uko, mu murwi CNI, bakiriye ikete bandikiwe.

XS
SM
MD
LG