Uko wahagera

Ishirahamwe O-N-U, ryariyamirije Ubwicanyi, mu Buseruko bwa Congo


Ikarata ya Congo
Ikarata ya Congo

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryasavye ihagarikwa ry’ubwicanyi, mu micungararo y’igisagara ca Beni, igisagara co mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, aho abantu barenga amajana abiri bishwe, mu mezi abiri arangiye.

Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi mukuru w’ishirahamwe O-N-U, ajejwe gutabara muri Congo, Moustapha Soumane, ku musi wa kabiri, imisi itatu inyuma yuko abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda, bagandaguye abantu mirongo itatu na batandatu, canke barenga, mu karere ka Beni.

Mw’itangazo, Soumane, yariyamirije ubwo bwicanyi, akaba yasavye kw’abasivile bokingirwa kurushiriza.

Afatiye ku makuru atangwa n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yamenyesheje kw’abantu barenga ibihumbi mirongo umunani n’umunan,i baba mu karere ka Beni, bategerejwe guhunga ingo zabo, kubera ubwicanyi.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe O-N-U, ajejwe gutabara, mu gihugu ca Congo, yamenyesheje kw’ibintu bitera bimera nabi kurushiriza, mu karere ka Beni, kw’ababa muri ako karere baguma bafise ubwoba umwanya wose, kw’ubundi bwicanyi bushobora kuba.

Radiyo OKAPI, ishigikiwe n’ishirahamwe O-N-U, ivuga kw’abandi bantu cumi na batatu bishwe, abandi indwi barakomereka, mu bitero hakoreshejwe imbugita, mu mihana hanze y’igisagara ca Beni, mu gitondo co ku musi wa mbere.

XS
SM
MD
LG