Uko wahagera

Ibibazo Biracahari, Ku Nteko za Amerika, muri Afghanistani


Umunyamabanga ajejwew kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel arikoaramutsa abasirikare babiri bajejwe kurwanira mu kirere ba Amerika
Umunyamabanga ajejwew kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel arikoaramutsa abasirikare babiri bajejwe kurwanira mu kirere ba Amerika

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika agiye gushikiriza amabanga yiwe, Chuck Hagel, yabwiye inteko za Amerika, zikiri mu gihugu ca Afghanistani, ko zigifise ibibazo zitegerezwa guhangana navyo, naho akazi kazo kazoba vuba ari kumenyereza inteko z’igihugu ca Afghanistani, ah’ukurwanya aba Talibani.

Chuck Hagel, aherutse gutanga imihoho, mu mabanga yiwe, y’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, yahagaze ubwa nyuma, mu gihugu ca Afghanistani, ku musi w’Imana, aho yabwiye inteko za Amerika, mu kibanza c’igisirikare kiri hafi y’igisagara ca Jalalabad, kw’akazi kazo katararangira. Yavuze ko Amerika idashaka kubona intamwbwe zikomeye zashitsweko, mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu irangiye y’ingwano, muri Afghanistani, zisubira inyuma.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibihugu bikorana, vyo mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, bizokura igice kinini c’inteko zavyo, muri Afghanistani, mu mpera z’umwaka, hakazosigara inteko ibihumbi cumi na bibiri n’amajana atanu za Amerika, zizoba zishinzwe igikorwa c’ukumenyereza inteko z’igihugu ca Afghanistani.

Amerika yateye Afghanistani mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’2001 mu mugambi w’ugutembaza intwaro y’aba Talibani yari ihaye indaro abarwanyi b’umurwi al-Qaida bagize uruhara mqu bitero vy’iterabwoba ku butaka bwa Amerika ukwezi kw’imbere yaho.

XS
SM
MD
LG