Uko wahagera

Abanyororo Amajana n'Amajana, Baratorotse Ibohero, Muri Nigeria


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Abantu bitwaje ibirwanisho, barafashije abanyororo barenga amajana abiri, gutoroka ibohero, mu gihugu ca Nigeria, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, ryashiriye, ku musi w’Imana, ugutoroka ibohero, kugira incuro ya gatatu, mu gihugu ca Nigeria, kuva mu ntango z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Ivyerekeye uwatumye ico gitero kiba, kuri iryo bohero ntibitomoye. Mu ndwi iheze, abanyororo amajana atatu, canke barenga, baratorotse ibohero, mu ntara ya Ikiti, mu gihe abandi banyororo ijana na mirongo ine na bane, batorotse ibohero ryo mu ntara ya Kogi.

Umurwi w’intagondwa, Boko Haram, urikekwa mu bitero vy’imbere yaho, vyagerageje kubohoza abanyororo.

Mu kwezi kwa kabiri, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’ukugene ibintu bimeze, mu mabohero, biteye agahinda, kandi ari ikibazo gikomeye, c’ igihugu ca Nigeria.

Ibice mirongo itandatu n’umunani kw’ijana, vy’abanyororo bagera ku bihumbi indwi, mu gihugu ca Nigeria, barindiye gucirwa urubanza.

XS
SM
MD
LG