Uko wahagera

Transparency International Ivuga ko Ruswa Ikomeje Kumunga Afurika


Chantal Uwimana

Chantal Uwimana

Ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International Rigenduza ruswa n’ibiturire kw’isi hose ryarasohoye urutonde rw’ibihugu bikiri inyuma mu migambi yo kwigiza kure ruswa.

Chantal Uwimana, arongoye ibiro vy’iryo shirahamwe bijejwe kugenduza ruswa mu bihugu vyo muri Afrika yo musi ya Sahara, avuga kw’ibihugu vyinshi vyo muri Afrika bifise amanota ari musi 50 kw’ijana.

Mu kiganiro yagiranye n'Ijwi ry'Amerika, Uwimana asobanura ko bitateye intambwe imbere mu vyerekeye kugwanya ruswa, kuva aho raport ya nyuma y’iryo shirahamwe itangarijwe mu mwaka uheze.

XS
SM
MD
LG