Uko wahagera

Papa Francis, Yasavye Kuvavanura n'Iterabwoba, n'Ivyiyumviro vy'Intagondwa, mu Rugendo, Muri Turkiya


Papa Francis, na prezida w'igihugu ca Turkiya,Recep Tayyip Erdogan, ku murwa mukuru, Ankara, mu rugendo rwa Papa, muri ico gihugu
Papa Francis, na prezida w'igihugu ca Turkiya,Recep Tayyip Erdogan, ku murwa mukuru, Ankara, mu rugendo rwa Papa, muri ico gihugu

Papa Francis, yataye akamo k’ukuvavanura n’ivyiyumviro vy’intagondwa, mu biganiro hagati y’amadini atandukanye, bifatiye ku vyuko abemera bose bafise uburenganzira bumwe.

Mw’ijambo yashikirije, inyuma yuko abonanye na prezida w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, ku murwa mukuru, Ankara, ku musi ku wa gatanu, Papa Francis yiyamirije ibitero vy’umurwi, Islamic State, ku ba Kristu, n’ayandi madidni ari ku rushi, mu bihugu vya Iraki na Syria.

Papa Francis, yashimqiye igihugu ca Turkiya, kuba gihaye indaro impunzi zirenga umuliyoni n’ibihumbi amajana atandatu, zajabutse urubibe zihunga ingwano, n’ubunyamaswa bw’umurwi, Islamic State, mu bice biri ku nkengera z’urubibe, mu bumanuako bw’igihugu ca Turkiya.

Papa Francis, kandi yatangaje kw’amakungu ategerezwa gufasha igihugu ca Turkiya, kwitaho impunzi zavuye muri Syria.

Bitegekanijwe ko, Papa Francis, abonana n’umuyobozi mukuru w’idini ry’aba Islamu muri Turkiya, Mehmet Gormez.

Bitegekanijwe kandi ko, Papa Francis, abonana n’umuyobozi mukuru w’aba Kristu b’aba Orthodoxe, Bartholomew.

XS
SM
MD
LG