Uko wahagera

Amategeko Mashasha Agenga Abimukira Muri Amerika


Abanyagihugu bakwirikiranye ijambo rya president Obama, ryerekeye amateko mashasha agenga abantu baba muri reta zunze ubumwe za amerika, batabifisiye uburenganzira

Abanyagihugu bakwirikiranye ijambo rya president Obama, ryerekeye amateko mashasha agenga abantu baba muri reta zunze ubumwe za amerika, batabifisiye uburenganzira

Prezida wa Amerika, Barack Obama ku musi wa kane igenekerezo rya 210 ry’ukwezi kw’icumi Narimwe, Niho Yatanga iyo ngingo y’amategeko Mashasha.

Bukeye bwaho kumusi wa kabiri, yaragiye mu gisagara ca Las Vegas, gusigurira abanyagihugu iyo ngingo, izohundura amategeko yarasanzwe agenga abimukira muri reta zunze ubumwe za amerika.

Prezida Obama yumvishije abanyamerika umugambi wiwe, uzoha uburenganzira abantu imiliyoni n’imiliyoni baba muri Amerika batagira ibipapuro zo kuhaba.

Prezida Obama yaari yashikirije umugambi wiwe mw’ijambo yashikirije ari ku ngoro iwe, muri Maison Blanche ku musi wa kane; ingingo yafashe atabanje guhanuza abashingamateka bo mu mugambwe w’Abarepublika, bamaze amazi arenga atanu badashikirije integuro y’itegeko rishasha rigenga abimukira muriAmerika. Iyo ngingo yarashavuje abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bahurikiye mu mugambwe w’Abarepublika.

Iyo ngingo yafashwe na Prezida Obama izoja mu ngiro mu kiringo c’amezi atandatu yimirije, iraha uburenganzira bw’ukuronka impapurzo zo kuba bo gukora muri Amerika, abantu bagera ku miliyoni zine n’ibihumbi amajana indwi, binjiye mu gihugu mu buryo budaciye mu mategeko.

Aba Republika bariyamirije iyo ngingo ya prezida Obama mu kuvuga kw’izotuma abandi bantu benshi baza mu Amerika mu buryo budaciye mu mategeko.

Benshi mu ba Republika bazokora uko bashoboye kugira bafute iyo ngingo.

Kur'iyi nkuru nyene, twaravuganye na Professeur Athanase Gahungu yigisha muri kaminuza, Chicago State University, araheza aratubarira ukuntu ayo mategeko mashasha yakiririwe, n'ingaruka ashobora kuzogira:

Tumutege amatwi.

XS
SM
MD
LG