Uko wahagera

Ubutunzi bw'Ubuyapani, Bwazamye Bikomeye

  • VOA Africa

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapanai, Shinzo Abe.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapanai, Shinzo Abe.

Ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapanibuza, buza mu kibanza ca gatatu kw’isi, barazamye bikomeye.

Ivyatohojwe bishasha, vyerekana kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapani, bwagabanutse, ku rugero rwa kimwe n’ibice bitandatu kw’ijana, mu kwezi kw’indwi, ukwezi kw’umunani, n’ukwezi kw’icenda, inyuma yuko bugabanutse kurushiriza, mu mezi atatu y’imbere yaho.

Ukugabanuka bikomeye, kw’ubutunzi bw’Ubuyapani, vyakwikrikiye ingingo y’ukwongereza amatagisi, mu bisa n’ivyaciye inkokora abagura, n’amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji, ku vyerekeye gusohora amafranga.

Ayo makuru mabi ashobora gutuma umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe, atebesha uwundi mugambi w’ukuduza amatagisi, agasaba amatora y’imbere y’igihe.

Shinzo Abe, yafashe ubutegetsi, yemerera abanyagihugu gutuma ubutunzi, bwari mu bibazo bwisusunura, mu gufata ingingo zari zigenewe gutunganya gushasha, ivyerekeye ubutunzi.

Ukugabanuka bikomeye, kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapani, vyaratangaje abahinga babona kw’ubutunzi bwari kwiyongera bigereranye.

Amakuru yerekeye ukugabanuka gukomeye kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapani, vyatumye amasoko y’imitahe atakaza agaciro, ku murwa mukuru, Tokyo, no mu yandi masoko akomeye y’imitahe.

XS
SM
MD
LG