Uko wahagera

Umufransa, Ari mu Barwanyi b'Umurwi, Islamic State, Bishe Umunyamerika, Abdul-Rahman Kassig, Bamuciye Umutwe


Abdul-Rahman Kassig, umugriraneza w'Umunyamwerika yishwe aciwe umutwe n'umurwi Islamic State
Abdul-Rahman Kassig, umugriraneza w'Umunyamwerika yishwe aciwe umutwe n'umurwi Islamic State

Igihugu c’Ubufransa, catangaje kw’umwe mu banyagihugu baco ari mu barwanyi b’umurwi Islamic State, bari muri video, batangaza iyicwa ry’umugiraneza w’Umunyamerika, Abdul-Rahman Kassig, aciwe umutwe.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu c’Ubufransa, Bernard Cazeneuve, yavuze, ku musi ku wa mbere, kw’uwo Mufransa w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri, yitwa Maxime Hauchar, yagiye mu gihugu ca Syria, haraheze ikiringo ikirenga umwaka, inyuma yuko abaye mu kiringo gitoyi, mu gihugu ca Mauritania.

Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa, bariko bagerageza kumenya nimba Umufransa agira kabiri, ari mu barwanyi 16, bagize uruhara mu guca aumutwe Kassig, n’abandi basirikare b’igihugu ca Syria, cumi n’umunani.

Muri ico gihe, Umwongereza, Ahmed Muthana, yatangaje umwe mu barwanyi barekanywe, muri video yamaze iminuta 16, y’uguca imitwe Kassig, n’abasirikare 18 b’igihugu ca Syria, asa n’umuhungu wiwe, umunyeshule w’imyaka mirongo ibiri, yiga ivyerekeye ubuganga, Nasser Muthana.

Kassig, yanyurujwe haheze amezi cumi n’atatu, igihe yariko agira ibikorwa vy’ugufasha, mu gihugu casinzikiajwe n’ingwano ca Syria.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yariyamirije, ku musi w’Imana, iyicwa rya Abdul-Rahman Kassig, mu kuvuga kw’ari igikorwa kigayitse cane.

XS
SM
MD
LG