Uko wahagera

Ibitero vy'Urunani Ruyobowe na Amerika Bizokwiyongera, ku Murwi Islamic State


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel, yatangaje kw’ibitero vy’indege z’ingwano, biyobowe na Amerika, ku barwanyi b’umurwi Islamic State, bizokwiyongera, mu misi iri imbere, mu gihe inteko zijejwe kurwanira hasi z’igihugu ca Iraki, ziriko zirondera gukora neza, kurushiriza.

Hagel, yabwiye umurwi wa Congres ya Amerika, ku musi wa kane, kw’ibitero vy’indege z’ingwano, vy’urunani ruyobowe na Amerika, ku murwi Islamic State, bizokwiyongera, mu gihe inteko z’igihugu ca Iraki zizoba ziriko zirongereza inguvu, kurushiriza.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel, yatangaje kandi ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’urunani ziyoboye, biriko biragira intambwe, mu rugamba rw’ukurwanya umurwi Islamic State, mu bihugu vya Iraki na Syria, ko yamara Abanyamerika bategerezwa kwitegurira urugamba ruzomara igihe.

Hagel, yatangaje kw’inteko za Iraki, n’aba Kurde, zifashijwe n’ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika, zahagaritse, mu bihe bimwe bimwe, zirasubiza inyuma, abarwanyi b’umurwi Islamic State.

Yamara yatangaje kw’umurwi Islamic State ukigeramiye inyungu za Amerika, ibihugu bicuditse na Amerika n’akarere k’Abarabu.

Ivyo Hagel yabitangarije ejo ku musi wa kane umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ivyerekeye igisirikare, ari kumwe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Amerika, General Martin Dampsey.

XS
SM
MD
LG