Uko wahagera

Abantu Umunani Barishwe muri Nigeria


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Bombe yaturikiye mu kibanza c’imashini abantu bakuramwo amafranga bita ATM, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, yahitanye abantu umunani, canke barenga, ikomeretsa abandi batari bake.

Umuvugizi w’igipolisi, Muhammad Haruna, yatangaje kw’iyo bombe yaturikiye, ku musi wa gatanu, mu gisagara ca Azare, mu ntara ya Bauchi.

Imbere yaho, abasivile cumi na batandatu, canke barenga, n’abarwanyi batari bake bavurwa ko bapfuye, mu buraruko bushira ubuseuko bw’igihugu ca Nigeria, inyuma y’ugutana mu mitwe, hagati y’abasirikaer ba Reta, n’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa, Boko Haram.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika, kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, binjiye mu gisagara ca Malum Fatori, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, ku musi wa gatatu, mu vyatumye haba ingwano ikomeye, yamaze igihe kirenga amasaha cumi n’abiri.

Modu Bukara, umudandaza aba muri ico gisagara, yatangaje kw’inyuma yaho, yaharuye ibiziga vy’abantu cumi na batandatu, baba mu gisagara ca Malum Fatori.

Avuga kw’abarwanyi batari bake bishwe.

Uwundi muntu aba mu gisagara ca Malum Fatori, Aminu Ahmad, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’abasirikare b’igihugu ca Nigeria, bafashijwe n’inteko zo mu bihugu vya Chad, Niger na Cameeroun, bari mu makambi ari hafi yaho.

Ntivyari bitomoye inyuma y’ukwo gutana mu mitwe, uruhande rwagenzura igisagara ca Malum Fatori, kiri ku bilometero amajana abiri, umuntu avuye mu gisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru w’intara ya Borno.

Ibihugu bibanyi vya Nigeria biriko bifasha Reta y’ico gihugu, mu rugamba rw’ukurwanya umurwi, Boko Haram.

XS
SM
MD
LG