Uko wahagera

America Iragabisha Abanyamerika Ku Vyerekeye Umutelkano Mu Burundi


 President W'Uburundi, Pierre Nkurunziza
President W'Uburundi, Pierre Nkurunziza

Reta zunze ubumwe za America zirasubiye gusohora itangazo rigabisha abakozi ba reta zunze ubumwe za amerika, ngo bitondere gutembera mw’ijoro mu gihugu c’Uburundi.

Departement ya reta ya amerika yaragabishije abanyamerika ngo birinde kugendera mu Burundi, ngo kubera hashobora kuba ibitero vy’umurwi w’iterabwoba wo mu gihugu ca Somalia, al-Shabab, kandi hashobora kuba n’ivyaha vy’ubwicanyi.

Nk’uko itangazo ryasohowe ribivuga, umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba, al-Shabab, waragabishije kw’ushobora gukora ibitero mu Burundi hamwe no ku matungo ya reta zunze ubumwe za amerika mu Burundi.

Iryo tangazo rivuga kw’abanyamerika bakwiye kwirinda gufata urugendo rubajana mu gihugu hagati, baciye ku mabarbara makuru, kuva bukigoroba, gushika mu mutwenzi.

Iryo tangazo rivuga kw’ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi bufatiye kuri poliitike bubandanya mu gihugu cose. Department ya reta ya amerika, ivuga kandi ko vyoroshe kuronka ibigwanisho mu Burundi, kandi kw’imirwi yahora yitwaje ibigwanisho, isigaye ikora ubwicanyi hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi bufatiye kuri politike.

XS
SM
MD
LG