Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Oscar Pistorius Yakatiwe gupfungwa Imyaka Itanu

  • VOA Africa

Oscar Pistorius

Oscar Pistorius

Oscar Pistorius yaratanguye, umunyororo wiwe w’imyaka itanu, kubera yagiwe ko yarashe umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, kw’italiki cumi na zine z’ukwezi kwa kabiri, mu mwaka w’2013.

Ku musi wa kabiri, Umucamanza, Thokozile Masipa, yaciriye Pistorius, umunyororo w’imyaka itanu, akaba yajanywe n’igipolisi, mw’ibohero rya Kgosi Mampuru.

Abahinga mu vyerekeye amategeko, yamara bavuga ko Pistorius, ashobora kutazoguma mu munyororo, ikiringo kirenga amezi cumi.

Abavyeyi ba, Reeva Steenkamp, batangaje ko bashimye kw’ubutungane bwubahirijwe.

Abashikirizamanza bashaka ko Pistorius apfungwa imyaka cumi.

Mu gihe urubanza rwamaze, imiryango ya Pistorius, na Steenkamp, niho yari.

XS
SM
MD
LG