Uko wahagera

RDC: Docteur Denis Mukwege, Yaratsindiye Agashimwe Kitiriwe Sakharov

  • VOA Africa

Ikarata ya Republika Iharanira Demokrasi ya Congo

Ikarata ya Republika Iharanira Demokrasi ya Congo

Umuganga w’umunye Congo yanonosoye ibijanye n’indwara zifatira ku gitsina c’abapfasoni, hamwe n’amagara y’abapfasoni, muri rusangi, Denis Mukwege, amaze imyaka irenga cumi n’itanu, afasha abapfasoni gukira amabi bakorewe y’ugufatwa ku nguvu, yaratsindiye agashimwe kerekeye ikiremwa muntu, kitiriwe Sakharov, k’uyu mwaka.

Inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’I Bulaya yahisemwo, ata numwe avuyemwo, Docteur Denis Mukwege, kuvyo yise urugamba rwiwe rw’ugukingira abapfasoni.

Docteur Mukwege, afise imyaka mirongo itanu n’icenda, muri iki gihe, yashizeho ibitaro Panzi, mu gisagara ca Bukavu, muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, mu mwaka w’1998, kugira avure abafashwe ku nguvu, mu gihe c’ingwano, n’abakorewe amabi afatiye ku gitsina.

Yararusimvye kw’igeragezwa ry’ukumugandagura, akaba adatinya abagabisha kumwica, mu kurwanya ku mugaragaro ifatwa ku nguvu ry’abapfasoni, n’abigeme, rikoreshwa nk’ikirwanisho co mu ngwano.

Docteur Mukwege, azohabwa agashsimwe kitiriwe Sakharov, italiki 26 z’ukwezi kw’icumi na rimwe, mu gisagara ca Strasbourg, mu gihugu c’Ubufransa.

Agashimwe k’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, kitiriwe izina rya Sakharov yarwanya, Ubumwe bw’aba Soviet, akongera akaba yari umuhinga, mu vyerekeye ubumenyi.

XS
SM
MD
LG