Uko wahagera

Prezida Mushasha wa Indonesia, Joko Widodo, Ararahira Uno Musi


Prezida yavuye mu matora w'igihugu ca Indonesia, Joko Widodo
Prezida yavuye mu matora w'igihugu ca Indonesia, Joko Widodo

Bitegekanijwe ko prezida wa mbere yatowe mu gihugu ca Indonesia, ashikira amabanga yiwe uno musi ku wa mbere.

Joko Widodo, azwi kandi kw’izina ry’iritazirano, Jowowi, aza kurahira mu mabanga y’ukuyobora igihugu ca Indonesia uno musi ku wa mbere inyuma yuko atsinze amatora mu kwezi kw’indwi.

Joko Widodo afise imyaka 53, abonwa n’abantu benshi kw’ari umuntu azohindura ibintu, kandi yari umukandida wa mbere atakoranye na Suharto, umutegetsi yamaze igihe kirekire atwaza agahotoro igihugu ca Indonesia, yakuwe ku butegetsi mu mwaka w’1998, yitaba Imana imyaka cumi inyuma yaho.

Mu vyerekana ukwiyemeza kwa Reta ya prezida Obama, ku vyerekeye akarere ka Asia na Pacifique, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, niwe ayoboye abaserukiye Amerika, mu birori vy’ukurahira kwa prezida wa Indonesia, Joko Widodo.

XS
SM
MD
LG