Uko wahagera

Umukuru w’Umurwi Boko Yarishwe Canke Ntiyishwe


Abasirikare b'igihugu ca Nigeria bazibiye ibarabra ryo mu gisagara ca Abuja
Abasirikare b'igihugu ca Nigeria bazibiye ibarabra ryo mu gisagara ca Abuja

Igisirikare c’igihugu ca Nigeria catangaje ko kibandanya kwemeza kw’umukuru w’umurwi urwanya ubutegetsi Boko Haram, yapfuye.

Abaisikare b’igihugu ca Nigeria batangaje ayo majambo ejo ku musi wa kane, inyuma y’aho abagwanyi bo mur’uyo murwi, basohoreye amasanamu ya video mashasha, yerekana umuntu bavuga kw’ar’umukuru w’uyo murwi, Abubakar Shekau,ariko aremeza kw’ari muzima, kandi atangaza kw’umurwi arongoye umaze gushinga ubutegetsi bwa Kislamu Caliphate, mu ntara umaze kwigarurira.

Mw’itangazo abasirikare b’igihugu ca Nigeria bashikirije, bavuze kw’uyo mugabo yerekanywe muri video mu bisanzwe ngo yitwa Mohammed Bashir, yishwe mu kwezi guheze, igihe abo bagwanyi bariko baratana mu mitwe n’abasirikare b’igihguu ca Nigeria, mu gisagara ca Kondunga.

Mu ndwi iheze, abasirikare b’igihugu ca Nigeria, barerekanye amasanamu y’uwo mugabo yerekanywe muri video asa n’ikiziga berekanye, batoye inyuma y’aho ingwano hagati y’abasirikare hamwe n’abagwanya ubutegetsi, irangiriye.

Iryo tangazo ryasohowe ejo ku musi wa kane, rivuga kw’amasanamu yerekanywe n’ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru AFP, atavuga igihe ayo masanamu yafatiwe.

Abasirikare b’igihugu ca Nigeria, bavuga ko Shekau w’ukuri, yapfuye igihe c’iyo ngwano.

XS
SM
MD
LG