Uko wahagera

Umuntu Wa Mbere Asuzumwe Ebola Muri Amerika


Imodoka y'abapolisi iri imbere y'ibitaro Health Presbyterian Hospital, mu gisagara ca Dallas, hagwariye umuntu wa mbere yasuzumwe ingwara ya Ebola muri America
Imodoka y'abapolisi iri imbere y'ibitaro Health Presbyterian Hospital, mu gisagara ca Dallas, hagwariye umuntu wa mbere yasuzumwe ingwara ya Ebola muri America

Abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika bajejwe kwitaho amagara y’abantu, batangaje ko basuzumye umuntu wa mbere agwaye ingwara ya Ebola.

Umukuru w’ibiro bijejwe gukingira ingwara, Muganga Torn Frieden, ejo ku musi wa kabiri, yaremeje kw’iyo ngwara yabonete ku mugabo yayanduriye mu gihugu ca Liberia.

Uyo mugabo yatanguye kugira ibimenyetso vy’iyo ngwara kuva aho ashikiye mu gisagara ca Dallas , mu ntara ya Texas kw’igenekerezo rya 20 ry’ukwezi kw’icenda.

Muganga Frieden yavuze kw’uyo murwayi yaciye yinjizwa mu bitaro ku musi wa mungu, kandi aca ashirwa mu kibanza ca wenyene.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu, bariko baragerageza kuraba abantu bashobora kuba baregereye uyo mugabo. Abo nabo ngo bashobora kuba ar’abagenzi biwe hamwe n’umuryango wiwe.

Abategetsi bariko barakwirikirana uyo mugabo, bavuga kandi kw’ata muntu n’umwe mu bantu bari mu ndege imwe n’uyo mugabo, arashobora kuba yaranduye.

Bavuga kandi ko bazokora ibishobotse vyose kugira ngo bahagarike iyo ngwara.

Naho hari hamaze kuboneka abanyamerika bakora umwuga w’abavuzi banyarukanwa muri Amerika banduye ingwara ya Ebola, uyo mugabo wo mu ntara ya Texas, abaye uwa mbere asuzumiwe iyo ngwara muri Amerika.

XS
SM
MD
LG