Uko wahagera

Mu gihugu ca Libya, Reta Yemewe N’Amakungu, Yaraye Irahiye


Abashingamateka bo mu gihugu ca Libya bagize inama nshingamateka iherutswe gutorwa, mu nama barimwo mu gisagara cqa TobrukL kw'igenekerezao rya 2 ry'ukwezi kw'umunani mu mwaka 2014.

Abashingamateka bo mu gihugu ca Libya bagize inama nshingamateka iherutswe gutorwa, mu nama barimwo mu gisagara cqa TobrukL kw'igenekerezao rya 2 ry'ukwezi kw'umunani mu mwaka 2014.

Inama nshingamateka yo mu gihugu ca Libya yemewe n’amakungu, ejo ku musi wa mungu, yararahije abashikiranganji bo muri reta nshasha y’ umushikiranganji wa mbere Abdullah al-Thani.

Ivyo bibabye mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ririko riraba ukuntu igihugu ca Libya kitogwa mu manga.

Reta y’umushingantahe Abdullah al-Thani, ikorera mu gisagara ca Tobruk.

Iyo reta yahunze mu kwezi guheze, inyuma y’aho abagwanyi b’abaislamu bava mu gisgara ca Misrata bafatiye umurwa mukuru Tripoli, bagaca bashinga reta yo ku ruhande hamwe n’inama nshingamateka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryaratumiye abaserukira izo reta zose zibiri, mu biganiro bitegekanijwe uyu musi ku wa mbere, hafi y’urubibe igihugu ca Libya gihana n’igihugu ca Libya, yamara gushika ubu, abava bitaba iyo nama ntibaramenyekana

Abatetsi bo muri reta ifise icicaro mu gisagara ca Tobruk, bavuga ko batazoganira n’umuntu n’umwe yagize uruhara muri reta ifise icicaro mu gisagara ca Misrata.

Igihugu ca Libya kiri mu kajagari ka politike kuva igihe Moammar Gadhafi yatwaza igitugu, akuriwe ku butegetsi mu mwaka w’2011.

XS
SM
MD
LG