Uko wahagera

Igitigiri Kinini c'Inteko z'Uburusiya, Kivurwa ko Cavuye, muri Ukraine


Prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko
Prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko

Prezida w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, yatangaje kw'Uburusiya bwakuye ibirenga bibiri vya gatatu vy'inteko zabwo, mu buseruko bwa Ukraine.

Prezida Poroshenko, yabwiye abagize Reta yiwe, ku musi wa gatatu, ko yaronse amakuru y'iperereza, avuga kw'ibice mirongo irindwi kw'ijana vy'inteko z'Uburusiya ,zari zinjiye ku butaka bwa Ukraine, kurwana ku ruhande rw'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusizya, zasubiye mu Burusiya.

Ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, O-T-A-N, rivuga kw'inteko z'Uburusiya igihumbi, canke zirenga, zinjiye ku butaka bwa Ukraine. Abakwirikirana ibintu baremera kw'izo nteko z'Uburusiya zafashije gutuma abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine baronka inguvu kurushiriza.

Uburusiya bwarahakanye ko bwarungitse inteko zabwo, n'ibikoresho vya gisirikare, mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine, naho abategetsi b'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bamenyesheje ko bafashijwe n'abasirikare b'Uburusiya, bakoresheje igihe cabo c'uburuhuko, kugira barwanye inteko z'igihugu ca Ukraine, ku butaka bw'ico gihugu.

Ku musi wa kabiri, ibiro ntangazamakuru vya presidence y'Uburusiya , vyasubiyemwo prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, abwira kw'itelefone, prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko, ko yiyemeje, ku vyerekeye gutorera inyishu iciye mu mahoro, uruharara ruri mu gihugu ca Ukraine.

Ivyo vyabaye, mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zariko ziraheraheza ingingo zigenewe kwagura ibihano, ku gihugu c'Uburusiya, kubera uruhara rw'ico gihugu, muri Ukraine.

Ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya naryo nyene ryarateguye incuro nshasha y'ibihano, bigenewe Uburusiya, yamara ntirirabishira mu bikorwa.

XS
SM
MD
LG