Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Arashikiriza Imigambi y'Ukurwanya Umurwi Islamic State


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Prezida wa Amerika, Barack Obama, araza gusigura imigambi yiwe y'ukurwanya umurwi w'intagondwa z'aba Islamu, Islamic State mw'ijambo aza gushikiriza kuri televiziyo, uno musi ku wa gatatu, mu masaha yo mw'ijoro.

Umuvugizi wa presidence ya Amerika, Josh Earnest, yavuze ko prezida Obama yemera kw'ikibazo c'umurwi Islamic State ari ikibazo cerekeye umutekano w'igihugu, gitegerezwa gushimikirwa ko cane.

Earnest, yamenyesheje ko prezida Obama, aza kuvuga, ku kibazo biterwa n'umurwi Islamic State, n'umugambi wiwe w'ugusenya umurwi Islamic State.
Nta birenga aho umuvugizi wa presidence ya Amerika, Josh Earnest, yatangaje ku migambi prezida Obama ategekanya gushikiriza.

Yamara prezida Obama, aza yarakuyemwo, ivyerekeye gusubira kurungika inteko za Amerika mu gihugu ca Iraki.

Ku musi wa kabiri, prezida Obama, yaraciriye ku mayange abayoboye aba Demokrate n'aba Republika, mu mashami uko ari abiri y'inama nshingamateka, ku vyerekeye imigambi yiwe.

Bamwe mu bashingamateka baguma bavuga ko prezida Obama, yotegerezwa guhabwa uburenganzira n'inama nshingamateka, imbere yuko afata ingingo iyariyo yose ya gisirikare, ku murwi Islamic State, harimwo ibitero vy'indege z'ingwano bishobora kugirwa, mu gihugu ca Syria.

Yamara presidence ya Amerika, yavuze ko prezida Obama, yabwiye abayoboye inama nshingamateka, kw'afise ububasha bw'ugufata ingingo.

XS
SM
MD
LG